Amakuru mashya kw’ihirikwa ry’ubutegetsi rivugwa mu Burundi

Abaturage mu byishimo i Bujumbura

Abaturage mu byishimo i Bujumbura

14.00 GMT Umuvugizi w’ishyaka riri ku butegetsi CNDD FDD, Gelase Ndabirabe, abwiye BBC ari mu bikorwa byo kwiyamamaza mu Kayanza, ko abantu bashatse guhirika ubutegetsi ari abantu bashakaga gutoba, bagashaka kubashotora kugirango barebe ko babasanga mu muhanda ngo bahangane.

10.00 GMT Akanama kiyise Comite de restauration de la concorde nationale, katanze itangazo mu gitondo, kavuga ko kakuyeho umukuru w’u Burundi Pierre Nkurunziza ubu wari wagiye muri Tanzania mu nama yari yateguwe n’umuryango w’ibihugu byo muri Afrika y’uburasirazuba ku kibazo cy’u Burundi.

Mw’ijambo ryavuzwe na General Major Godefroid Niyombare, ako kanama ngo kafashe iyo ngingo kuko Prezida Nkurunziza yanyuranije n’itegeko nshinga agashaka kwiyamamaza ku mwanya w’umukuru w’igihugu inshuro ya gatatu.

Aka kanama kagizwe na General Major Godefroid Niyombare, General Major Cyrille Ndayirukiye, General Sylvere Habarugira, Colonel Leonard Ngendakumana, Commissaire de Police Zenon Ndabaneze na Commissaire de Police Nimenya

Abaturage mu byishimo i Bujumbura
Abaturage mu byishimo i Bujumbura

Kuva aho ayo makuru amenyekaniye biciye ku maradio yigenga y’i Bujumbura, abanyagihugu bahise bajya mu murwa mukuru kwishimira ibibaye.

Kugeza ubu ariko mu mujyi wa Bujumbura humvikanye amasasu ariko ntawuramenya neza abari kuyarasa n’abo barasana.

Radio y’igihugu iracyavuga ibiganiro nkuko bisanzwe.

Ese General Major Godefroid Niyombare ni muntu ki?

General Godefroid Niyombare w’imyaka 46, avuka muri commune ya Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Yaranguye amabanga yo ku rwego rwo hejuru mu nzego zijejwe umutekano mu Burundi kuva mu 2004, gushika aho akuriwe mu mabanga yo kurongora urwego rw’igihugu rujejwe iperereza mu kwezi kwa kabiri uno mwaka.

Bivugwa ko ari umwe basirikare bakuru bo mu mugambwe CNDD FDD, batashaka ko Prezida Pierre Nkurunziza atwara igihugu ikiringo kigira gatatu.

Mu gihe c’ingwano yo mu gihugu hagati mu Burundi, General Niyombare yabaye umukuru w’igisirikare ca CNDD FDD.

Uwo muhari waje kwemezwa nk’umugambwe wa politike mu kwezi kwa mbere 2005, uca itsinda amatora, Nkurunziza agirwa umukuru w’igihugu. General Niyombare yagizwe icegera c’umukuru w’igisirikare mu kwezi kwakurikiye, mu 2009 naho aca aba umuhutu wa mbere abaye umugaba mukuru w’ingabo z’u Burundi kuva ico gihugu cikukira.

Akiri icegera c’umugaba mukuru w’igisirikare, yarongoye umugwi wari userukiye leta mu biganiro n’umugwi FNL, uwanyuma wari usigaye ukirwana. Amaserano y’amahoro na FNL yashizweko umukono mu kwezi kw’icenda 2006.

Igikorwa ca mbere gikomeye yajejwe ari umugaba w’ingabo, kwari ukurungika abasirikare b’u Burundi guhagararira amahoro muri Somalia, mu butumwa bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Mu kwezi kwa kane 2011, General Niyombare yagiye mu Rwanda mu rwego rwo gukomeza ugukorana mu vya gisirikare hagati y’ibihugu vyombi. Ivyo bihugu mu nyuma vyumvikanye gusangira amakuru ku bijanye n’umugwi w’abarwanyi b’Abanyarwanda, FDLR, ufise icicaro muri Kongo.

Mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, yarirukanywe mu mabanga yo kurongora urwego rw’igihugu rujejwe iperereza, yirukanwa kumwe n’abandi babiri bakorana, haciye amezi atatu gusa agenywe muri ayo mabanga.

Ibitangazamakuru vyo mu Burundi vyavuze ko iyirukanwa ryiwe rifitaniye isana n’urwandiko yandikiye umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, amuhanura kutitoza mu kiringo kigira gatatu. Nta mpamvu itomoye yigeze itwanga n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kuri iryo yirukanwa. General Niyombare yaciye asubirizwa na Gen Etienne Ntakarutimana.

Advertisement

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s